Skip to content

Dieudonne Nahimana Foundation

Home » Blog » Abaroma 13:11-14 – Inyigisho y’Umuzezwashengero Dieudonné Nahimana kw’Ishengero Harvest

Abaroma 13:11-14 – Inyigisho y’Umuzezwashengero Dieudonné Nahimana kw’Ishengero Harvest

  • by

Ku musi w’Imana itariki 27 Gitugutu 2025, umuzezwashengero Nahimana Dieudonné yaratumiwe kwigisha mw’ishengero Harvest risanzwe rirongowe n’umwungere Christophe Rurenza.

Kabaye akaryo kó kuhashika ubwa mbere no gusangira ijambo ry’Imana.

Afatiye ku gisomwa dusanga mu cete Paulo yandikiye abaroma 13:11-14, yarakebuye abar’aho, abasaba kuva mw’itiro, biyambure ibikorwa vy’umwiza, maze bagende nk’abagenda ku murango kubw’icubahiro c’iyabahamagaye.

Mu nyigisho yatanze, yashimikiye ahanini ku mwitwarariko dukwiye kugira mu gushira imbere ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo imbere y’ikindi kintu cose, maze ibindi bikaba inyongera iva mu buzima bwo kumvira no kugororokera Imana.

Yarongeye aravuga kó ivyo bidakunda mu gihe bitavuye mu kwizera Imana, biciye mu mwana wayo Yesu Kristo.

Ubuzima atanga n’ukumwakira kwacu bikaba intango y’ubuzima busagutse muri we, amahoro ava kuri we, n’umunezero utogereranwa n’ikintu ico arico cose.

Niho guheraheza ahamagara abihana, kugira ngo bakire ubwo buzima busagutse, maze nabo binjire mu muryango w’abana b’Imana.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *